|

UMUSI WAHARIWE UGUKUNDA IGIHUGU MU BURUNDI 2022

  1. Kw’igenekerezo rya 08/06 uko umwaka utashe abarundi barahimbaza umusi wahariwe ugukunda igihugu. Kuri uyu musi abarundi baramutse bahimbaza ku ncuro igira kabiri umusi wahariwe ugukunda igihugu ; abagumyabanga bagize section y’umugambwe CNDD-FDD baba mu gihugu c’uburusiya baramenyesha ko bifadikanije n’abandi barundi mu guhimbaza umusi wahariwe ugukunda igihugu mukwipfurizanya umusi mukuru mwiza wo gukunda Uburundi igihugu cacu.
  1. Mugukengurukira Imana Mushoboravyose ku rukundo yerekanye mukubagabira abarundi igihugu ciza c’imigisha n’imihezagiro, abagumyabanga bafashe icemezo c’isezerano ridahinduka ko Imana ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe CNDD-FDD. Vyongeye, abarundi bareguriye Imana Uburundi mukwitorera ibwirizwa shingiro ryemeza ko Imana ihawe ikibanza ca mbere mu Burundi.
  1. Ni nkenerwa ko umurundi wese yama yinovora kandi ahayagiza ibikorwa vyo gukunda igihugu. Uburundi ni igihugu ciza gikundwa kandi gihurumbirwa. Umurundi akunda igihugu wese arashimagiza intambwe ishimishije uburundi bugezeko mugutsimbataza intwaro rusangi irangwa no gusabikanya ubutegetsi n’itunga ry’igihugu hisunzwe ibwirizwashingiro, amasezerano ya Arusha n’ayandi mategeko agenga igihugu.
  1. Ni umusi uduha akanya keza ko kuzirikana uruhara ruhambaye abagumyabanga bo mumugambwe CNDD-DFDD bagize mugukunda igihugu bagaharanira agateka k’abarundi, bakarwanya intwaro z’igikenye n’agahotoro.
  1. Ni umusi uduha akaryo keza ko kwiyumvira urukundo rwacu ku gihugu, tukirimbura, tukikebuka, tugahindura ingendo kugira turushirizeho gukunda igihugu mukwubahiriza amategeko n’inzego ziciye mumatora. Ni umusi udukebura ngo twame dukora ibikorwa vyo gukunda igihugu no kugikundisha abandi. Ni umusi udufasha kwibuka uruhara ntangere umwe wese afise mu kwubaka ishusho nziza y’uburundi.
  1. Si ivy’imbeshere umurundi wese ni icabona, uyu musi mukuru ushitse turi mu gihe ciza cane, amahoro n’umutekano vyiganje mu gihugu cose c’uburundi. Iki gihe c’amahoro n’umutekano turimwo, tugikesha abarundi bakunze igihugu bakitanga ku rugamba rwo guhabuza demokorasi.
  1. Muguhimbaza umusi wahariwe ugukunda igihugu ni akaryo keza ko kwibuka intwari n’abahizi bitangiye Uburundi n’abarundi mubihe bigoye; barakunze igihugu baracigura. Twisunze iragi ry’imboneza kizigenza mugukunda igihugu, umuhisi Nyenicubahiro Prezida Petero Nkurunziza ku civugo yadusigiye « Dusenga Dukora/Dukora Dusenga» tubandanye dusenyera kumugozi umwe mu mugukora ibikorwa vy’iterambere.                                                                                                                                   
  2. Uwukunda igihugu arazirikana ko kwitorera indongozi ari inkingi y’intwaro rusangi n’iterambere kandi ko kizira kurwanya intwaro yitorewe n’abarundi kuko aba arwanije abarundi bayitoreye akabakwegera muntambara.
  1. Birakwiye ko abarundi twese tugira umwitwarariko wo gukunda igihugu no kugikundisha abandi tukagira urunani rw’intamenwa mu gucungera amahoro n’umutekano no muguharanira iterambere.
  1. Tukaba turangije twipfuriza abarundi bose kuroranirwa; umurundi wese yitwararike iragi twasigiwe n’imboneza kizigenza mugukunda igihugu Nyenicubahiro Prezida Petero Nkurunziza ryo gukoresha ubwenge bwacu, inguvu zacu n’uburyo bwacu mubikorwa vyiza vyo kwiyubakira igihugu cacu no guterera amatora mugutsimbataza intwaro rusangi, Imana ibahezagire, murakoze cane.                                                                                                                                                                                       

    Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi !

    SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

Author

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *