IBIMENYESHEJWE KW’IKORANIRO RIHUZA ABAGUMYABANGA B’UMUGAMBWE CNDD-FDD BO MURI SEGISIYO Y’UBURUSIYA RYO KUWA WA GATANDATU IGENEKENEREZO RYA 03/02/2024

Tugire CNDD-FDD!N’Intsinzi!

  1. Ku musi wa gatandatu igenekenerezo rya 03/02/2024, mu gisagara ca Mosiku harabaye ikoraniro rihuza abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD bo muri Segisiyo yo mu Burusiya muntumbero guhanahana ivyiyumviro vyo guteza imbere igihugu no gukomeza no gutsimataza umugambwe CNDD-FDD.
  2. Kurutonde rw’indinganizo y’ibikorwa hari hategekanijwe:
    • ibirori vyo kwakira no gushira ku kivi c’ibikorwa abagumyabanga bashasha bifuza gukorera ibikorwa vy’umugambwe CNDD-FDD muri segisiyo ;
    • kwumviriza inyigisho zerekeye akarangamutima k’umuganbwe CNDD-FDD n’ihangiro ry’igihugu c’uburundi cifashe mumwaka 2040 n’igihugu giteye imbere 2060 hisunzwe intumbero y’imigambi y’iterambere ya Nyenicucahiro umukuru w’igihugu General Major Evariste Ndayishimiye ;
    • icereranyo c’ibikorwa vyaranguwe ;
    • icegeranyo c’uburyo bwegeranijwe n’uko bwakoreshejwe ;
    • gushiraho inzego nshasha ;
    • Guhanahana ivyiyumviro n’ayandi makuru kubuzima bw’igihugu n’umugambwe.
  3. Bamaze kwakira no gushira kukivi c’ibikorwa abagumyabanga bashasha, kwumviriza inyigisho, ivyegeranyo vy’ibikorwa n’ubutunzi vyashikirijwe vyerekanye ko umwimbu ushimishije kuberako ibikorwa vyaranguwe neza hakurikijwe urutonde rwiza. Abagumyabanga barishimiye iterambere segisiyo yabo imaze kugerako kuko ibikorwa vyaranguwe bikomeza umugambwe, bikerekana ishusho nziza y’igihugu. Biyemeza gushigikira no guharanira ko igihugu kironka abategetsi babereye bateza imbere igihugu kuneza y’abarundi bose hatirengagijwe n’abanyamahanga baba mugihugu cacu.
  4. Ku matora yatunganijwe, abizewe kurwego rw’indongozi za segisiyo ni:
    • Umunyamabanga wa segisiyo: Nyetereye Frédérique ;
    • Icegera c’umunyamabanga : Butwari Jean Orry ;
    • Umunyamabanga w’ibiro:Ndikuriyo Oser ;
    • Uworongoye abakenyererarugamba : Dusenge Ange Ketty ;
    • Uwurongoye imbonerakure: Ntunzwenimana Elysée.
  5. Abatumire bateye iteka iryo koraniro ni : Indongozi z’ubuserukizi bw’uburundi, abakunzi n’abandi batumire bahire batandukanye. Tukaba tubashimiye.
  6. Rutandura Jacques, umunyambanga wa segisiyo y’umugambwe CNDD-FDD mu Burusiya asozereye ikiringo c’uburongozi bwa segisiyo, anezerejwe no gukeza abizewe bose, gushimira abahora mu rwego ndongozi rusozereye ikiringo, gushimira abitavye ikoraniro, gushimira umurwi watunganije urubanza rw’ikoraniro n’abaterereye bose kugira iryo koraniro rigende neza.
  7. Bagumyabanga b’umugambwe CNDD – FDD, turi kumwe twese birashoboka. Dufitaniye isezerano n’Imana ko twayihaye ikibanza cambere. Dusenga,dukora/Dukora,dusenga. Kubw’ivyo, ntitudohoke kw’ishaka ryacu ryo gushigikira imigambi ya politique yo guteza imbere igihugu hisunzwe intumbero ya Reta y’Uburundi irongowe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uburundi, Général Major Evariste Ndayishimiye hamwe n’umugambwe CNDD – FDD ikomokako.
  8. Muguheraheza,turamenyesheje ko iryo koraniro rihimbaye ryasozerewe n’amajambo atandukanye y’impanuro no gukenguruka.

Tugire CNDD-FDD!N’Intsinzi!
Murakoze!
Umunyamabanga wa segisiyo y’umugambwe CNDD-FDD mu Burusiya asozereye ikiringo.
Rutandura Jacques

Author

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *