UMUSI WAHARIWE UGUKUNDA IGIHUGU MU BURUNDI  2024

  1. Kw’igenekerezo rya 08 Ruheshi uko umwaka utashe abarundi barahimbaza umusi wahariwe ugukunda igihugu hamwe no kwibuka Imboneza kizigenza mugukunda igihugu, umuhisi Nyenicubahiro Prezida Petero Nkurunziza.
  1. Uyu musi ni incuro igira kane abarundi bahimbaza umusi wahariwe ugukunda igihugu ; abagumyabanga bagize section y’umugambwe CNDD-FDD baba mu gihugu c’uburusiya baramenyesha ko bifadikanije n’abandi barundi bose aho bari hose mu guhimbaza umusi wahariwe ugukunda igihugu,nukwibuka urupfu rwiwe mukwipfurizanya umusi mukuru mwiza wo gukunda Uburundi igihugu cacu.
  1. Ugukunda igihugu n’ingendo yategerezwa kuranga Umurundi wese ahari hose akakivuga neza mubihe bigoye ni vyoroshe na canecane akagikorera neza kandi akanakigwanira bibaye ngombwa nokucigura akacigura. Naho atavyama vyera ngo de Umurundi akunda igihugu, bivanye n’ibihe twaciyemwo muri kahise, arashimagiza intambwe ishimishije uburundi bugezeko mugutsimbataza intwaro rusangi kuvyerekeye gusabikanya ubutegetsi n’itunga ry’igihugu hisunzwe ibwirizwashingiro, amasezerano ya Arusha n’ayandi mategeko agenga igihugu cacu n’ay’umugambwe wacu CNDD-FDD.
  2. Abagumyabanga bo mumugambwe CNDD-DFDD ni akarorero keza abarundi bose bofatirako akarorero k’uruhara ntangere badahengeshanya kugira mugukunda igihugu mbere benshi bakemera gutanga amaraso yabo bagaharanira agateka k’abarundi, bakarwanya intwaro z’igikenye n’agahotoro zari zarazingamitse Uburundi ubu tukaba turi mu mahoro igihugu cose.
  1. Yemwe runganwe rw’ubu n’ahacu kwirimbura, tukikebuka, tugahindura ingendo kugira turushirizeho gukunda igihugu cacu mukwigana ingendo ya Nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza, mukwubahiriza amategeko no mukwishiriraho inzego biciye mumatora na cane cane tukirinda abanyeporitike baduhenda ugasanga twisamburiye nk’impene kandi aritwe Burundi bw’uno munsi n’ejo. Ahubwo dufate iya mbere mugukora ibikorwa vyo gukunda igihugu no kugikundisha abandi kuburyo abarundi twese tugira umwitwarariko udasanzwe wo gukunda igihugu tukagikorera murunani rw’intamenwa kugira dushike kw’iterambere rirama.
  1. Ni akaryo keza kandi ko gushimira Nyene icubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Ndayishimiye Evariste ashishikara gukundisha abarundi igihugu cabo muntumbero ya Reta Mvyeyi Reta Nkozi hisunzwe ihangiro ry’amerekero y’iterambere ry’Uburundi bwifashe mu mwaka w’2040, Uburundi buteye imbere mu mwaka w ‘2060.
  1. Turangije twipfuriza abarundi bose aho bari hose kuzirikana iragi twasigiwe n’imboneza kizigenza mugukunda igihugu Nyenicubahiro Prezida Petero Nkurunziza ryo gukoresha ubwenge bwacu, inguvu zacu n’uburyo bwacu mubikorwa  vyo kwiyubakira igihugu cacu tutarinze kuzera inze .

Murakoze cane                                                 Tugire CNDD-FDD! N’intsinzi!

                                SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

Author

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *