|

UMUSI WAHARIWE UGUKUNDA IGIHUGU MU BURUNDI 2023

Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi !

    1. Kw’igenekerezo rya 08/06 uko umwaka utashe abarundi barahimbaza umusi wahariwe ugukunda igihugu hamwe no kwibuka imboneza kizigenza mugukunda igihugu, umuhisi Nyenicubahiro Prezida Petero Nkurunziza. 
    2. Kuri uyu musi abarundi bariko bahimbaza ku ncuro igira gatatu umusi wahariwe ugukunda igihugu ; abagumyabanga bagize section y’umugambwe CNDD-FDD baba mu gihugu c’uburusiya bifadikanije n’abandi barundi bose guhimbaza umusi wahariwe ugukunda igihugu mukwipfurizanya umusi mukuru mwiza wo gukunda Uburundi, igihugu cacu no kwibuka Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza yaranzwe n’ibikorwa bitandukanye vyo gukunda igihugu n’abarundi bose.
    3. Umurundi wese akunda igihugu ategerezwa guharanira ubutegetsi buciye munzira nziza y’amatora kumwenegihugu no gukora ibiteza imbere abarundi bose.
    4. Murundi ukunda igihugu ntiwirengagize ko muri kahise k’igihugu cacu habayeho intwaro mbi z’igikenye n’amacakubiri zacanishijemwo abarundi zibakwegera intambara, indyane n’urwanko. Bene izontwaro n’ababashigikiye barazingamitse igihugu.
    5. Iki ni igihe ciza co kwishimira no gushimagiza intambwe abarundi bagezeko yo gutsimbataza intwaro rusangi iciye mumatora no kunywanisha abarundi biciye mugusabikanya ubutegetsi n’itunga ry’igihugu hisunzwe ibwirizwashingiro, amasezerano ya Arusha n’ayandi mategeko agenga igihugu.
    6. Umurundi akunda igihugu yirinda ingeso mbi yo gukumira, kwikwegerako no gucanishamwo abarundi.
    7. Ni akaryo keza ko gushimira Nyene icubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Ndayishimiye Evariste ashishikara gukundisha abarundi igihugu cabo muntumbero ya Reta Mvyeyi Reta Nkozi hisunzwe ihangiro ry’amerekero y’iterambere ry’Uburundi 2040/2060.
    8. Abagumyabanga bo mumugambwe CNDD-FDD ni akarorero keza kubarundi bose bafatirako k’uruhara bagize mugukunda igihugu no guharanira intwaro rusangi iciye mumatora, amahoro, ineza yabose n’agateka k’abarundi bose.
    9. Naho Uburundi buri munzira nziza y’iterembere kuri bose, haribonekeza ibikorwa bigayitse vyo gusambura igihugu vy’abarundi bamwebamwe badakunda igihugu bifuza gushikira ubutegetsi badaciye mumatora. Bamwe babikora kugatwe kabo. Abandi bifadikanya n’abanyamahanga batifuriza ineza abarundi bose. Umurundi akunda igihugu akwiye kwama yiyubara ibihe vyose akirinda abamuhubisha.
    10. Turangije twipfuriza abarundi bose aho bari hose kuzirikana iragi ryo gukunda igihugu no kunywanisha abarundi twasigiwe n’imboneza kizigenza mugukunda igihugu Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza.

Murakoze cane ! 

Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi !

SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

Author

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *