INDWI YAHARIWE INTWARI ZAGWANIYE AMAHORO NA DEMOKARASI MU BURUNDI 2022

                     

REPUBLIQUE DU BURUNDI                                                               REPUBLIKA Y’UBURUNDI 

PARTI CNDD-FDD                                                                              UMUGAMBWE CNDD-FDD 

CONSEIL NATIONAL POUR LA                                                          INAMA Y’ABANYAGIHUGU 

DEFENSE DE LA DEMOCRATIE – FORCES POUR LA                         BAHARANIRA DEMOKARASI.

DEFENSE DE LA DEMOCRATIE.

Site Web : www.cnddfdd-russia.ru                                               Site Web : www.cnddfdd-russia.ru

E-mail : cnddfddrussia@gmail.com                                             E-mail : cnddfddrussia@gmail.com  

REPRESENTATION LEGALE DE LA SECTION DU PARTI CNDD-FDD EN FEDERATION DE RUSSIE

UBUSERUKIZI BWA SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

INDWI YAHARIWE INTWARI ZAGWANIYE AMAHORO NA DEMOKARASI MU BURUNDI 2022

Tugire CNDD-FDD! N’intsinzi!

  1. Umugambwe CNDD-FDD uratunganya buri mwaka ibirori vyo guhimbaza indwi yahariwe intwari zagwaniye amahoro na demokarasi mu Burundi. Uyu mwaka, ivyo birori bitegekanijwe kuba kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika 19 Munyonyo 2022 ku civugo « Bahumure, iyo tuvuye turahazi; aho turi turahabona; dutunganye neza iyo tuja, ntitugwe mukibira tutazi.». Mw’iyo ntumbero, abagumyabanga bagize segisiyo y’umugambwe CNDD-FDD baba mu gihugu c’Uburusiya baramenyesha ko bifadikanije n’abandi bagumyabanga mu guhimbaza indwi yahariwe intwari zagwaniye amahoro na demokarasi mu Burundi. Nkuko twashize Imana imbere, turashimira Uhoraho Imana ishoboza abagumyabanga guharanira no gutsimbataza amahoro na demokarasi mu Burundi no mumakungu.
  2. Umurundi wese akurikirana neza ivy’igihugu ciwe arazi ko mu mwaka w’1993, abansi b’amahoro na demokarasi bakoresheje igikenye basenyura inzego zitorewe n’abenegihugu bica umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, indongozi zitandukanye n’abenegihugu. Bikaba vyakwegeye abarundi mu ntambara yahitanye abantu n’ibintu ikanatuma abarundi bahungira mu gihugu hagati no mumahanga. Abarundi b’intwari bamaze kubona ko ibintu vyayangaye, niho bahisemwo kuja ku rugamba rwo guharanira amahoro na demokarasi. Kuri urwo rugamba, izo ntwari zarwanije akarenganyo n’agasuzuguro, zarwaniye intwaro rusangi, ziharanira amahoro, ubumwe n’umutekano, zisubiza ijambo abarundi. Ntakiryoshe gisumba kurwanira agateka kawe kuko intsinzi y’urwo rugamba yatumye abarundi bose bikura akagaye bagira ijambo ryumvirizwa.
  3. Abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD biyumvira neza igihugu kandi babona ineza y’igihugu. Kuva mumwaka wa 2005, umurundi wese arafise umwidegemvyo wo gutora indongozi uko ashaka n’uko avyumva atankomanzi. Ariko naho intwari zatsinze urugamba rwo guharanira amahoro na demokarasi, abansi bobo baguma bakora uko bashoboye mungendo yabo igayitse yo gushikira ubutegesti budaciye mumatora y’abenegihugu. Aho umurundi wese akwiye kuhagabira, agashishoza kandi agahinyura abafise iyo ngendo mbi igayitse. Ntihakagire uwuhubishwa n’amatangazo n’ivyegeranyo vy’ibinyoma birwanya inzego zitorewe n’abenegihugu. Muhinyure ibikorwa vyabo kuko bifise intumbero yo kuzimiza abarundi n’amakungu.
  4. Uburundi ntibugarukira ku runganwe rwa kino gihe. Uko ibihe bigenda niko n’umwansi w’amahoro na demokarasi ahindura imikenyuro n’amayeri. Abana b’abarundi barakwiye gutegurwa bagahabwa ubumenyi, ubuhinga n’ubushobozi bikwiye vyerekeye kugendereza abansi, kurwanira igihugu no guharanira amahoro n’umutekano ibihe vyose. Ivyo bizotuma abarundi bama biteguriye kurwanira igihugu no kurwanya uwo wese yobacanishamwo akabakwegera mu ndyane n’intambara.
  5. Tukaba turangije twipfuriza abarundi bose na canecane abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD kuba intwari ziharanira amahoro n’intwaro rusangi. Imana ibahezagire, murakoze cane!

Tugire CNDD-FDD! N’intsinzi!

SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

Author

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *