«Imbonerakure day»: Umusi wahariwe imbonerakure 2022

                     

REPUBLIQUE DU BURUNDI                                                               REPUBLIKA Y’UBURUNDI 

PARTI CNDD-FDD                                                                              UMUGAMBWE CNDD-FDD 

CONSEIL NATIONAL POUR LA                                                          INAMA Y’ABANYAGIHUGU 

DEFENSE DE LA DEMOCRATIE – FORCES POUR LA                         BAHARANIRA DEMOKARASI.

DEFENSE DE LA DEMOCRATIE.

Site Web : www.cnddfdd-russia.ru                                               Site Web : www.cnddfdd-russia.ru

E-mail : cnddfddrussia@gmail.com                                             E-mail : cnddfddrussia@gmail.com  

 

UBUSERUKIZI BWA SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

«Imbonerakure day»: Umusi wahariwe imbonerakure 2022

Tugire CNDD-FDD! N’intsinzi!

  1. Uko umwaka utashe, abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD barahimbaza umusi mukuru wahariwe Imbonerakure «Imbonerakure day». Muri uyu mwaka w’2022 ukazohimbazwa ku ncuro ya gatandatu guhera igenekerezo rya 25 gushika kw’igenekerezo rya 27/08/2022 ku civugo «Rwaruka, ingendo nshasha iteza imbere Africa».
  2. Muntumbero yoguhimbaza «Imbonerakure day», ubuserukizi bwa segisiyo y’umugambwe CNDD-FDD mu Burusiya burifurije imbonerakure umusi mukuru mwiza. Nkuko amategeko mpuza makungu, ibwirizwa shingiro, amasezerano y’abarundi ya Arusha hamwe n’ayandi mategeko y’igihugu abitegekenya, imbonerakure ni urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rugizwe n’abarundi b’imirwi yose rwitanga rutizinganya muguharanira demokarasi, ubutungane, iterambere, agateka ka zinamuntu, umutekano n’amahoro kuri bose.
  3. Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zifise ihangiro ryo kurwanya amabi akorerwa ikiremwa muntu. Kubw’ivyo ni akaryo ko kwiyamiriza abo bose bihaye ingendo igayitse yo gucafuza umugambwe CNDD-FDD no gusenyura inzego z’igihugu zitorewe n’abenegihugu babicishije mubikorwa vyabo vyo kudodobereza imbonerakure no gushikiriza ibinyoma n’irementanya ku mbonerakure. Mumigambi yabo yo gutyoza no guhama imbonerakure, abo bama bashikiriza ivyo gushikuza no guhubisha abarundi n’amakungu.
  4. Umwitwarariko w’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD ni ukurangura ibikorwa vyo kwiteza imbere, vyo guhesha ishusho nziza igihugu, vyo gutsimbataza intwaro rusangi n’ivyo guharanira amahoro n’umutekano.
  5. Uyu musi mukuru mwiza, utubere akaryo ko kwirimbura mubikorwa vyose kandi twame tuzirikana ko umwe wese ari isoko ry’iterambere ry’igihugu cacu kandi ko ari n’inkinzo y’igihugu. Vyongeye umugumyabanga wese wo mumugambwe CNDD-FDD ahamagariwe kwirinda ico cose cocanishamwo imbonerakure n’abagumyabanga.
  6. Turangije tubipfuriza guhimbaza neza umusi mukuru mwiza wahariwe imbonerakure. Imana Mushoboravyose ihezagire kandi ikomeze kuzigama imbonerakure n’abagumyabanga bose. 

Umusi mukuru mwiza!

 

Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi!

Murakoze!

SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published.