«Imbonerakure day»: Umusi wahariwe imbonerakure 2022
REPUBLIQUE DU BURUNDI REPUBLIKA Y’UBURUNDI
PARTI CNDD-FDD UMUGAMBWE CNDD-FDD
CONSEIL NATIONAL POUR LA INAMA Y’ABANYAGIHUGU
DEFENSE DE LA DEMOCRATIE – FORCES POUR LA BAHARANIRA DEMOKARASI.
DEFENSE DE LA DEMOCRATIE.
Site Web : www.cnddfdd-russia.ru Site Web : www.cnddfdd-russia.ru
E-mail : cnddfddrussia@gmail.com E-mail : cnddfddrussia@gmail.com
UBUSERUKIZI BWA SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA
«Imbonerakure day»: Umusi wahariwe imbonerakure 2022
Tugire CNDD-FDD! N’intsinzi!
- Uko umwaka utashe, abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD barahimbaza umusi mukuru wahariwe Imbonerakure «Imbonerakure day». Muri uyu mwaka w’2022 ukazohimbazwa ku ncuro ya gatandatu guhera igenekerezo rya 25 gushika kw’igenekerezo rya 27/08/2022 ku civugo «Rwaruka, ingendo nshasha iteza imbere Africa».
- Muntumbero yoguhimbaza «Imbonerakure day», ubuserukizi bwa segisiyo y’umugambwe CNDD-FDD mu Burusiya burifurije imbonerakure umusi mukuru mwiza. Nkuko amategeko mpuza makungu, ibwirizwa shingiro, amasezerano y’abarundi ya Arusha hamwe n’ayandi mategeko y’igihugu abitegekenya, imbonerakure ni urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rugizwe n’abarundi b’imirwi yose rwitanga rutizinganya muguharanira demokarasi, ubutungane, iterambere, agateka ka zinamuntu, umutekano n’amahoro kuri bose.
- Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zifise ihangiro ryo kurwanya amabi akorerwa ikiremwa muntu. Kubw’ivyo ni akaryo ko kwiyamiriza abo bose bihaye ingendo igayitse yo gucafuza umugambwe CNDD-FDD no gusenyura inzego z’igihugu zitorewe n’abenegihugu babicishije mubikorwa vyabo vyo kudodobereza imbonerakure no gushikiriza ibinyoma n’irementanya ku mbonerakure. Mumigambi yabo yo gutyoza no guhama imbonerakure, abo bama bashikiriza ivyo gushikuza no guhubisha abarundi n’amakungu.
- Umwitwarariko w’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD ni ukurangura ibikorwa vyo kwiteza imbere, vyo guhesha ishusho nziza igihugu, vyo gutsimbataza intwaro rusangi n’ivyo guharanira amahoro n’umutekano.
- Uyu musi mukuru mwiza, utubere akaryo ko kwirimbura mubikorwa vyose kandi twame tuzirikana ko umwe wese ari isoko ry’iterambere ry’igihugu cacu kandi ko ari n’inkinzo y’igihugu. Vyongeye umugumyabanga wese wo mumugambwe CNDD-FDD ahamagariwe kwirinda ico cose cocanishamwo imbonerakure n’abagumyabanga.
- Turangije tubipfuriza guhimbaza neza umusi mukuru mwiza wahariwe imbonerakure. Imana Mushoboravyose ihezagire kandi ikomeze kuzigama imbonerakure n’abagumyabanga bose.
Umusi mukuru mwiza!
Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi!
Murakoze!
SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA