UMUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAKENYEZI 2022
Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi !
Mukomere mwese!
Ubuserukizi bwa Segisiyo y’umugambwe CNDD-FDD mu Burusiya burifurije abakenyererarugamba umusi mukuru mwiza mpuzamakungu wahariwe abakenyezi.
Bakenyererarugamba murahamagariwe kuja ahabona mukwitabira ibikorwa vy’umugambwe wanyu mwiza CNDD-FDD muguharanira demokarasi, ubutungane, iterambere, agateka kazinamuntu, amahoro n’umutekano.
Bakenyererarugamba ni mube abakenyezi bizerwa ko bashoboye gukora ibikorwa vy’iterambere mu miryango, mu gihugu no mu makungu.
Bakenyerarugamba ni mube icitegerezo mubandi bakenyezi mw’iterambere ry’Igihugu.
Umugisha w’Uhoraho Imana ube kubakenyererarugamba b’umugambwe CNDD-FDD.
Umusi mukuru mwiza!
Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi !
Murakoze!
SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA