Iranguka ry’umugambi wo gufasha wa Section Russie 2023/2024

Abagumyabanga bakorera ibikorwa vy’umugambwe CNDD-FDD mu gihugu c’Uburusiya (Section Russie) kuva mumwaka w’2012 batanguye gukora, baragiye hamwe biha ihangiro ryo kwama bagira akigoro ko kwegeraniriza uburyo hamwe k’umwaka k’umwaka bagaheza bagashigikira canke bagafasha abarundi benewabo. Hisunzwe intara zigize igihugu cacu, hama hatangwa imfashanyo mu gushigikira ama Cooperatives abariko yiyungunganya ariko aba ataraterimbere cane, mu gufasha benewacu babanyeshure bakiri mu mashure y’intango ya Reta ( Fondamental et Post Fondamental) na cane cane abava mu miryango iba itifashe neza kugira nabo bige bafise ishaka nibikoresho bikwiye, mu gufasha kandi abarwayi baba bagwariye mu bitaro vyase ko bavayo bitewe n’ukubura uburyo bwokuriha ama factures canke kubura amakarata yokwivurizako (assurances), mu gufasha abagize impanuka zitanduknye bitabavuyeko na cane cane ababa bafise amikoro make, eka n’abandi kugira nabo bashobore kwibeshaho nokwiyungunganya muri bike baba bashoboye kuronka. 

Ni kuri iyo mvo k’ umunsi wa gatandatu igenekerezo rya 21/09/2024, abagumyabanga bakorera ibikorwa vy’umugambwe CNDD-FDD mu gihugu c’Uburusiya (Section Russie) baramutse barangura igikorwa c’iteka co gufasha abarundi benewabo badafise amikoro akwiye baba muntara yagutse ya BUJUMBURA, Commune NTAHANGWA, muri Zone ya RUKARAMU, Umutumba KINYINYA 2 aho bahuye n’impanuka zijanye n’ihindagurika ry’ibihe bagaterwa n’amazi bigatuma basinzikara cane.

Uyo munsi rero imiryango ijana (100 ménages) muri myinshi yahuye nizo mpanuka yashoboye kugarukirwako, aho umuryango umwu umwe wose waronkejwe ibiro bitanu vy’ibiharage (5kg de haricots), ibiro bitanu vy’umuceri (5kg de riz), amamesa yogufungura hamwe n’amasabuni yokumesa hongera kandi hashigikirwa abanyeshure amajana abiri na mirongo itandatu (260 élèves du Fondamental et Post fondamental) bava muriyo  miryango, aho baronkejwe amakaye hamwe n’amakaramu azobafasha mu vyigwa vy’uyu mwaka w’ishure w’2024/2025. Ivyo bikorwa vyatangujwe nugukora ibikorwa rusangi vyakorewe kuri EcoFo Kinyinya 2. Iyo mfashanyo rero ikaba ifise agaciro k’imilioni cumi n’imwe n’ibihumbi amajana atanu z’amafaranga y’amarundi (11.500.000Fbu).

Rero mubisanzwe abagumyabanga ba section Russie bagizwe n’Abanyeshure kubice birenga 98% bagiye hamwe kugira baze barashigikira Reta Mvyeyi Reta Nkozi muri nkenivyo bikorwa vyogufasha babicishije mu mugambwe mwiza wacu CNDD-FDD.

Imvo nyamukuru zatumye ivyo bikorwa bitera intambwe ni ihangiro rikomeye cane abo bagumyabanga biga mu burusiya bihaye ryo kwama barangura ku mwaka ku mwaka ibikorwa vyogufasha muntumbero yo gushigikira Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi General Major Evariste NDAYISHIMIYE kw’ihangiro yihaye ry’uko umunwa wose uronka icufungura, umufuko wose ukaronka amafaranga, hamwe nogushigikira Imbonakazoza y’igihugu cacu c’Uburundi yokubona Uburundi bwifashe mu mwaka w’2040, Uburundi buteyimbere mu mwaka w’2060.

Ico gikorwa rero cashobotse kubera inguvu z’abagumyanga na cane cane babanyeshure Reta irungika kwiga hanze bahurikiye muri Section y’Uburusiya y’Umugambwe wacu mwiza CNDD-FDD, hamwe n’inguvu z’abakunzi ba Section Russie badahengeshanya kuturemesha no kudushigikira.

Imana mushobora vyose yo yatumye ibikorwa nkivyo bikoreka nihabwe icubahiro izokwame ihezagira abagumyabanga b’Umugambwe CNDD-FDD.

Vive la Section Russie/CNDD-FDD !!

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *