UMUSI WAHARIWE UMUKENYERERARUGAMBA 2023

IJAMBO RYA SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA RIJANYE N’UMUSI WAHARIWE UMUKENYERERARUGAMBA MU MUGAMBWE CNDD-FDD KU NCURO YA KABIRI KUWA GATANDATU IGENEKEREZO RYA 25/03/2023

Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi ! Bakenyererarugamba! Segura inkona!

Ubuserukizi bwa segisiyo y’umugambwe CNDD-FDD mu Burusiya burifurije abakenyererarugamba bose umusi mukuru mwiza wahariwe Umukenyererarugamba. Icivugo c’uno mwaka akaba ari : “Bakenyererarugamba, ijukire ibikorwa vyo kwiteza imbere, biteza imbere igihugu cacu, kazoza kacu n’abadukomokako”.

Bakenyererarugamba, duhamagariwe kuguma ku kivi, twongereze akariro kuko urugamba rw’iterambere rurabandanya gushika aho tuzoshikira iterambere rirama mu miryango yacu no mu gihugu cacu ciza c’Uburundi. Umwitwarariko wacu ube uwo kurangura ibikorwa vyo kwiteza imbere, vyo guhesha ishusho nziza igihugu cacu, vyo gutsimbataza intwaro rusangi n’ivyo guharanira amahoro n’umutekano.

Uyu musi mukuru mwiza waduhariwe, utubere akaryo ko kwirimbura mubikorwa vyose kandi twame tuzirikana ko umukenyererarugamba wese ari isoko ry’iterambere ry’igihugu cacu. Bakenyererarugamba ni mube abakenyezi bizerwa ko bashoboye gukora ibikorwa vy’iterambere mu miryango, mu gihugu no mu makungu. Umusi mukuru mwiza! Tugire CNDD-FDD! N’intsinzi!

Murakoze!

SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

Author

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *