«Imbonerakure day»2024 : Umunsi wahariwe imbonerakure 2024

REPUBLIQUE DU BURUNDI                                                                   REPUBLIKA Y’UBURUNDI 

PARTI CNDD-FDD                                                                                  UMUGAMBWE CNDD-FDD 

CONSEIL NATIONAL POUR LA                                                              INAMA Y’ABANYAGIHUGU 

DEFENSE DE LA DEMOCRATIE – FORCES POUR LA                              BAHARANIRA DEMOKARASI.

DEFENSE DE LA DEMOCRATIE.

UBUSERUKIZI BWA SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

«Imbonerakure day»: Umusi wahariwe imbonerakure 2024

Tugire CNDD-FDD! N’intsinzi!

  1. Uko umwaka utashe, abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD barahimbaza umusi mukuru wahariwe Imbonerakure «Imbonerakure Day». Muri uyu mwaka w’2024 ku ncuro y’umunani kw’igenekerezo rya 31/08/2024, icivugo co kuwuhimbaza ni «Mbonerakure, uruhara rwawe ni ntangere mu kwubaka Uburundi buteye imbere».
  2. Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zifise ihangiro ryo guteza imbere igihugu zikoresheje inguvu, ubwenge n’ububangutsi zisanzwe zifise nakare ngo urwaruka ni «karahara mu ruganda ntibacura».
  3. Uburongozi bw’umugambwe CNN-FDD mu Burusiya buboneyeho kano karyo kugira busabe Imbonerakure ko zokoresha ingabire zifise mu guteza imbere igihugu kugira zifashe mu mugambi wa Reta w’Uburundi bwifashe 2040 – Uburundi buteye imbere 2060 gutyo igihugu cacu kibandanye gutera imbere no kugira ishusho nziza mu makungu.
  4. Mbonerakure mwame mugavye, ntimucike intege ntimudebukirwe canke ngo mwijajare. Mbonerakure, aho uherereye hose wame wamirira kure abantu bose bagomba gukwegera abarundi mumosha mabi yo gutosekaza no gusambura igihugu. Dufate nkama impanuro z’abadukurira, abavyeyi, n’abaduhanura neza kugira ngo ntituje mubitagira akamaro ngo twice kazoza kacu hamwe n’akigihugu catwibarutse.
  5. Mbonerakure mwamane umutima wo kwubaha, kwicisha bugufi, kwitanga no gukunda igihugu. Imana Mushobora vyose ihezagire Abarundi n’Uburundi kandi ikomeze kuzigama Imbonerakure n’Abagumyabanga bose.
  6. Uburongozi bwa segisiyo y’umugambwe CNDD-FDD mu Burusiya burangije bwipfuriza Imbonerakure aho ziherereye hose umusi mukuru mwiza.

Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi!

Murakoze!

SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *