«Imbonerakure day»2023 : Umunsi wahariwe imbonerakure 2023
REPUBLIQUE DU BURUNDI REPUBLIKA Y’UBURUNDI
PARTI CNDD-FDD UMUGAMBWE CNDD-FDD
CONSEIL NATIONAL POUR LA INAMA Y’ABANYAGIHUGU
DEFENSE DE LA DEMOCRATIE – FORCES POUR LA BAHARANIRA DEMOKARASI.
DEFENSE DE LA DEMOCRATIE.
UBUSERUKIZI BWA SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA
«Imbonerakure day»: Umusi wahariwe imbonerakure 2023
Tugire CNDD-FDD! N’intsinzi!
- Uko umwaka utashe, abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD
barahimbaza umusi mukuru wahariwe Imbonerakure «Imbonerakure day».
Muri uyu mwaka w’2023 ku ncuro y’indwi kw’igenekerezo rya 26/08/2023,
icivugo co kuwuhimbaza ni « Uruhara rw’urwaruka rwa Africa mu
gutsimbataza ingendo y’amahoro n’umutekano vyo nkingi y’iterambere
rirama, ivyaranguwe n’imigambi ya kazoza». - Muntumbero yoguhimbaza «Imbonerakure day», ubuserukizi bwa segisiyo
y’umugambwe CNDD-FDD mu Burusiya burifurije imbonerakure aho
baherereye hose umusi mukuru mwiza. Nk’uko amategeko mpuza makungu,
ibwirizwa shingiro, amasezerano y’abarundi ya Arusha hamwe n’ayandi
mategeko y’igihugu bigenga uburenganzira n’umwidegemvyo ku vyiyumviro
vya politike, imbonerakure ni urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rugizwe
n’abarundi b’imirwi yose rwitanga rutizinganya muguharanira demokarasi,
ubutungane, iterambere, agateka ka zinamuntu, umutekano n’amahoro kuri
bose. - Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD zifise ihangiro ryo kurwanya
amabi akorerwa ikiremwa muntu. Kubw’ivyo ni akaryo ko kwiyamiriza abo
bose bihaye ingendo igayitse yo gucafuza umugambwe CNDD-FDD no
gusenyura inzego z’igihugu zitorewe n’abenegihugu babicishije mubikorwa
vyabo vyo kudodobereza imbonerakure no gushikiriza ibinyoma
n’irementanya ku mbonerakure. Mumigambi yabo yo gutyoza no guhama
imbonerakure, bama bashikiriza amajambo, ivyegeranyo, n’amakuru vyo
gushikuza no guhubisha abarundi n’amakungu. - Umwitwarariko w’imbonerakure ushingiye ku karangamutima ka politike
y’umugambwe CNDD-FDD ko kurangura ibikorwa vyo kwiteza imbere, vyo
guhesha ishusho nziza igihugu, vyo gutsimbataza intwaro rusangi n’ivyo
guharanira amahoro, umutekano, ubutungane no kunywanisha abarundi. - Uyu musi mukuru mwiza, ubere imbonerakure akaryo ko kwirimbura
mubikorwa vya minsi yose kugira ngo twame tuzirikana ko ubumwe bwacu
ari inguvu zo gukomeza umugambwe CNDD-FDD no guteza imbere igihugu
cacu “Uburundi”. - Mbonerakure mwame mugavye, ntimucike intege, ntimudebukirwe canke
ngo mwijajare. Mbonerakure,aho uherereye hose wame wamirira kure
abantu bose bagomba gukwegera abarundi mumosha mabi yo gutosekaza
no gusambura igihugu. Dufate nkama impanuro z’abadukurira, abavyeyi,
n’abaduhanura neza kugira ngo ntituje mubitagira akamaro ngo twice
kazoza kacu hamwe n’akigihugu catwibarutse. - Turangije tubipfuriza guhimbaza neza umusi mukuru mwiza wahariwe
imbonerakure. Imana Mushoboravyose ihezagire abarundi kandi ikomeze
kuzigama imbonerakure n’abagumyabanga bose. Imana idushoboze
gukunda,kurinda no guteza imbere igihugu cacu.
Umusi mukuru mwiza!
Tugire CNDD-FDD ! N’intsinzi!
Murakoze!
SEGISIYO Y’UMUGAMBWE CNDD-FDD MU BURUSIYA