1. CNDD-FDD INAMA Y’ABANYAGIHUGU,
    BAHARANIRA DEMOKARASI NYAKURI,
    MU GIHUGU KIGENGWA N’AMATEGEKO,
    ABARUNDI BOSE BUBAHIRIZWE;
    BISHIRE KANDI BIZANE MU GIHUGU C’AMAVUKIRO,
    BATUNGE BATUNGANIRWE MU VYABO NO MU BABO,
    ATA WANDYA CANKE WANGURA.
  2. CNDD-FDD IRONDERA INEZA YA BOSE,
    NTIKUMIRA IGOMBA UBUTUNGANE,
    UGUSABIKANYA MURI VYOSE,
    UMUTEKANO KURI BOSE;
    KUGIRA BENE BURUNDI BOYE KWAMA BICWA,
    KANDI ATACO BAZIRA BANGAZWA NK’IBIKOKO,
    ABARUNDI TURAVYANSE.
  3. CNDD-FDD IRONDERA INTWARO,
    ISUBIZA IJAMBO ABANYAGIHUGU,
    HAKABONEKA INDONGOZI,
    ZIBIKWIYE KANDI Z’IMVUGA KURI;
    ZEMERA UBUTEGETSI BUCIYE MU MATORA,
    ABARUNDI BAKARONGORWA N’ABO BITOREYE,
    ATA GIKENYE N’AGAHOTORO.
  4. CNDD-FDD NI WEWE TWIZIGIYE,
    USUBIZE ITEKA ABARUNDI,
    URWANYE IKINYOMA N’AKARENGANYO,
    AKAGAYE BE N’UGUHEMUKA;
    IRAGI TWASIGARANYWE N’INCUNGU ZA DEMOKARASI,
    RWAGASORE NA NDADAYE BIGUZE ABARUNDI BOSE,
    MUZE TWESE TURIGENDERE.
  5. CNDD-FDD MIZERO Y’ABARUNDI,
    NTA N’UMWE ATOGUSHIMA,
    IMIGAMBI YAWE IBEREYE UBURUNDI,
    ABARUNDI ISINZI TUKURI INYUMA;
    N’UKOMERE MU BAWE WE RUKIZA RW’ABARUNDI,
    TUGUHAYE URABIKWIYE KU MIGAMBI YAWE MYIZA, CNDD-FDD.